Abavyeyi ba Miss Burundi 2022 bamweretse urukundo rutangaje

Miss Burundi 2022, yeretswe urukundo rutangaje nabavyeyi biwe , vyari uvyishimo kuribo .
Niteka rikomeye cane kubona uza gushigikirwa nabavyeyi bakwibarutse , bikunda kuba hake ndetse nuwo bibayeko biramuhimbara cane .
Naho ubona abavyeyi ba Miss Burundi 2022 bari bahimbawe cane niteka umwana wabo abateye , aho ubona neza koko kobari babihimbariwe .
Nigihe bavuga ko Ngaruko Kelly kariwe Miss Burundi 2022 aho ubona neza yuko abavyeyi biwe baciye bamuterura bikomeye cane ,ndetse nurukundo rwishi .
Aho nimugihe ubona yuko abo bavyeyi baje biteguye neza kariwe aza gutahukana ikamba rya Miss Burundi .
Ndetse aho wumva yuko haguma havurwa yuko hoba harabaye amakosa kubariko batora Miss Burundi , tukibaza yoba yaribiwe canke niyamajambo yabantu , ivyo bikaba bitaraja ahabona neza .
Ariko reka dutere iteka Miss Burundi kubwurukundo yeretswe nabavyeyi bamwibarutse kuko bishikira bake .