BURUNDI: Sailo Soldier umusirikare w’Umurundi winjiye mu muziki

Umviriza ivyo umusirikare asazwe arumuririvyi azwi kw’izina rya Sailo Soldier Boy agira abazanire vuba cane .

Sailo Soldier Boy numwe mu baririvyi b’abasirikare b’igihugu cu Burundi.

Sailo Soldier Boy azwi kw’izina rya Nsengiyumva ,aho akomoka mu gihugu c’Uburundi aho novuga yuko arumwe mu baririvyi bariko baravyifatamwo neza cane.

Sailo Soldier Boy akaba arumwe mu baririvyi bafise indirimbo zitari nke ,aho novuga y’uko yatanguye umwuga w’umuziki kuva kera atarinjira mu ngabo z’abasirikare b’Uburundi .

Sailo soldier Boy aho novuga yuko avuga ko mu muziki ndundi azoshika ahantu hakomeye cane , Sailo soldier Boy akaba afise indirimbo zigera muri cumi na zitatu.

Aho nyinshi murizo zagiye zirashika ahantu hagiye hatandukanye , nka ’’Gumana nanje’’ iyo ndirimbo ikaba yarashitse ahantu hakomeye cane .

Sailo soldier Boy tukaba twavumbuye yuko agira akine film y’igisoda ,aho avuga yuko iyo film izoshika ahantu hakomeye cane ,akanavuga yuko mu misi mike agira abahe iyindi ndirimbo ,akavuga yuko iyo ndirimbo izoshika ahantu hakomeye cane.

Sailo soldier Boy agasaba abakunzi b’umuziki ndundi kumushigikira kugira ashike ahantu hakomeye cane .

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO