Burundi: Sanny B agiye kugaruka n’indirimbo yise ’’Kebanayo’’

Sanny B yatangarije abakunzi b’umuziki ndundi kagira abazanire indirimbo yise ’’kebanayo’’.

Sanny B numwe mu baririvyi bariko babikora neza ,aho novuga yuko asazwe akorera umuziki wiwe mu mahanga ,akaba arumwe mu baririvyi b’Abarundi bakomeza kwagura imbibe.

Sanny B akaba yaramaze imisi ataboneka mu muziki ndundi ,aho novuga yuko hari haheze umwaka ashize hanze indirimbo yise ’’ Go down’’ iyo ndirimbo akaba yarikumwe n’umuririvyi akomeye cane Big fizzo , iyo ndirimbo ikaba yarashitse ahantu hagiye hatandukanye .

Sanny B ubu akaba agira aze n’indirimbo yise ’’Kebanayo’’ ,aho iyo ndirimbo yayikoreye mu Rwanda ku muhinyanyuzi akomeye cane azwi kw’izina rya Element , ndetse amasanamu akorwa na Bagenzi Bernard akaba arumwe mu bantu bakora amasanamu meza cane .

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO