UBURUNDI:Trust No Body igarukanye umuririvyi mushya azwi kw’izina rya Crown

Trust No Body muzi yaciwemwo nabaririvyi benshi izanye uwundi muririvyi azwi kw’izina rya Crown.

Ni Trust No Body isazwe ari team ikorera mu Burundi ,aho yakoze amateka menshi kundirimbo zigiye zitandukanye kubaririvyi batandukanye babarundi , Trust No Body ikaba isazwe ifashwa na Wanda Boys.

Trust No Body yarimwo abaririvyi nka : Sat-B, Nelson-B , Kingorongoro ;
Aho mwabo baririvyi atanumwe agisigayeyo ,aho bose bavuyeyo .

Duhereye kuri Sat-B akiri muri Trust No Body yarakoze indirimbo nyinshi zigera Kure ndetse nahantu hatandukanye , aho Sat-B ariho yaronkeye amahirwe yokuja gukorera amasanamu yindirimbo hanze yigihugu cu Burundi ,nka ’’No love’’,
’’Feel love’’ , izo ndirimbo novuga yuko zageze ahantu hakomeye cane .

Bikanavurwa yuko indirimbo Sat-B yarikumwe na Meddy yoba yayikoze akiri muri Trust No Body , aho vyaciye bigorana kubera yaciye avayo ntiyaba igisohoka ,aho igiye gusohoka mwiyo misi ari muri Empire avenue .

Tugiye kuri Nelson-B aho novuga yuko yari umuririvyi akomeye cane ,akaba yarafise ijwi ritanganje , muri Trust No Body aho yahakoreye ibikorwa bitari bike ndetse binamushikana ahantu hakomeye ,aho Nelson-B kuva avuye muri Trust No Body atasubiye kumvikana mumuziki ndundi .

Tugiye kuri kingorongoro nawe yahakoreye ibintu bikomeye cane ndetse nama collabo menshi cane yabaririvyi bakomoka mugihugu ca Tanzanie , aho kingororongoro kuva avuyeyo atahagaritse akazi kumuziki yagumye akorana inguvu kugeza aho ageze ubu.

Ubu naho Trust No Body izanye umuririvyi akiri muto cane azwi kw’izina rya Crown ,tukibaza mbega uwo muririvyi bizomukundira kugumayo konabandi bagiyeyo baca bavayo .

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO