Umuhanzi Limu yashyize hanze indirimbo igaruka ku butwari bw’abanyeshuri b’i...
- 24/03/2023 saa 11:24
Jadix Umuririmvyi W’umurundi Yerekanye Ivyangombwa bimwemerera kumugaragaro gukoresha izina rya Bilimani Boy kuko We avuga Ko Ariwe yaritanguje iryo zina Inyuma yaho bararyitira Kirikou na Double Jay.
Inyuma y’umwaka ataboneka Jadix The Bracker AkA Bilimani Boy Nkuko avyivugira,aragarutse kandi n’indirimbo Dede hamwe n’ikimuranga ciwe Yise Bilimani Boy fusanzwe tuzi Ko gikoreshwa na Kirikou na Double Jay.
Nk’uko Umuririmvyi Masterland Akaba ari nawe Ahagarariye ibikorwa vya Jadix akaba Ari nawe CEO w’inzu ihinyanyura Umuziki Ariyo MasterMusic Jadix asanzwe abarizwamwo, yaduhaye umuco kubijanye nizina Bilimani Boy Aho ubona Ko risanzwe rikoreshwa n’abantu babiri muri Kino gihe.
Masterland ati : "Nkicumva inkuru twaratangaye kubona biyumviriye Iryo Zina kuko Benshi muba fana Bari bazi KO Jadix Ariwe nyen’iryo Zina ndetse no murabo baryiyise ubwambere Harimwo abamuhamagara Bilimani Boy,niho twasaba umubonano kugira tuvyumvikane Ko batubwira KO atamwanya bafise ariko Inyuma yaho turapanga gahunda yo kubonana.icagiye kudutangaza twagiye twumva ngo Bari Bagiye kuyandikisha muri API(Ikigo kijejwe Kwandika Ama entreprise akorera mu Burundi kikabaha n’uburenganzira bwo gukora), nuko nca mbwira umuhungu wanje Jadix aragenda ajanye n’umunyamategeko wacu.
Ico nakoze naciye ndondera Abo muri Ministrere y’ubudandaji batubwira Ko batarashika kuko Vyari ngombwa KO naho bahagera,niho bahagera barayandikisha natwe duca turaja Kubaza babahungu impamvu babikoze batwishuye nabi murico gihe haca hatangura amatohoza akozwe na Ministrere y’ubudandaji aza gusanga izina Bilimani Boy rikwiye guhabwa Umuririmvyi Jadix."
Imbere y’abamenyesha makuru n’ibinyamakuru yagaragaje impapuro zimwemerera gukora ndetse no gukoresha Izina rya Bilimani Boy MasterLand yarangije avuga KO wewe ICO ashaka nuko bokwumvikana bakagura izina ibibazo bafitaniye bigahera
Bandanya mwirabira indirimbo yiwe Nshasha Dede by Jadix the Bracker