Uburundi na Australia, barashima ibikorwa vy’umuririmvyi wa Gospel, David NDUWIMANA

David Nduwimana yatoranijwe kuja kuririmba mu birori ’’Austaria Day’’.
Kuri uno wa kane itariki 26 Nzero, David NDUWIMANA yarongeye guterwa iteka mu kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu ca Australie.
Hari mu birori vy’umunsi mukuru bita "Australia Day". Uwo munsi ukaba ari uwo guhimbaza igihugu ca Australie. David yatumiwe kuririmba hamwe n’abandi bacuraranzi bo muri ico gihugu batoranijwe. Ivyo birori bikaba vyitabiriwe n’abantu benshi cane. Bikaba vyabereye imbere y’inyubakwa yiratiro "Sydney Opera House".
David NDUWIMANA avuga ko gutoranywa
muri abo bacuraranzi ari iteka ridasanzwe, kuko bigaragaza uburyo ibikorwa vy’umuziki amaze imyaka ishika 10 akorera muri ico gihugu, bishimwa: « Uburyo kunze guterwa iteka ngo ndirimbe mu birori bikuru vyo ku rwego rw’igihugu, bintera intege mu bikorwa ndimwo. Vuba ntegura kubandanya nshira ahabona ibikorwa bishasha. »