BURUNDI:Umunyegori w’intamba mu rugamba yaraye akoze amateka mumurwi wiwe wa VipersSc

Fabien Mutombora yaraye afashije umurwi wiwe vipersSc kuronkq itike yogushika muri kimwe ca Kane Mw’ihiganwa rya StanbinUgandaCup.
Umunyegori w’Intamba mu Rugamba Fabien Mutombora yaraye afashije umugwi wiwe wa VipersSC kuronka itike ya kimwe ca kane mw’ihiganwa rya StanbicUgandaCup.
Ni mu rukino rwaraye ruhuje VipersSC n’umugwi wa WakisoGiantsFC muri kimwe c’umunani, urukino rwaheze imigwi yose inganya 1-1 baca batera za Penalty, Vipers yinjiza 4 kuri 3 za WakisoFC
Fabien Mutombora yari mu bakinyi 11 batanguye Ku ruhande rwa Vipers SC akaba yarakuyemwo penalty ya kane, bituma umugwi wiwe wa VipersSC uronka itike ya kimwe ca kane muri iryo higanwa rya StanbinUgandaCup.
Fabien Mutombora n’umuhinga mu gusama za Penalty?