Umviriza amateka y’umuririvyi asazwe arumusirikare Sailo soldier boy

Umviriza amateka ateye igomwe y’umuririvyi wumurundi asazwe akora akazi kagisirikare ’’SAILO SOLDIER BOY’’.

Sailo soldier boy numuririvyi akomoka mu gihugu c’uburundi aho novuga yuko asazwe akora akazi kigisirikare mugihugu cu Burundi .

Sailo soldier boy akaba yatanguye umuziki mumwaka wa 2013 , aho yatanguriye kundirimbo zitatu aho izo ndirimbo zitarose amahirwe yokumenyekana .

Sailo soldier boy yaje kwinjira igisoda mumwaka wa 2016 aho yaciye yiga ’’ecole des sous officier ’’ ariheza mumwaka wa 2018 ,aho yaciye akora igihugu ndetse yogera aririmba .

Sailo soldier boy aho kugeza ubu akora umuziki mwiza ndetse akongera agakorera igihugu cu Burundi mugisata ca gisirikare .

Sailo soldier boy kugeza ubu akaba ageze yaho ariko ategura sinema ya gisirikare aho abenshi izobatangaza bivanye nukuntu iriko irategurwa .

Aho iyo sinema izoba arimwo inyigisho zitandukanye ndetse irimwo ninyigisho zerekeye abasirikare .

Sailo soldier boy akavuga yuko iyo sinema itegerezwa gushika kure kubera izoba imeze nkizababakinyi dusazwe tuzi bakina sinema ’’action ’’ ,iyo sinema akaba atarashima kuvuga uko yitwa .

Sailo soldier boy akaba asaba kumushigikira kurwo rugendo ariko ,kugira uburundi bushike kure , kurubuga rwa youtube akaba akoresha izina ’’SAILO SOLDIER BOY’’.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO