UBURUNDI:Vania Ice ari mu nzira zo gusinya muri Kina Muzik

Umuririvyikazi mushasha ari mu bagezweho mu Burundi, Vania Ice, ari mu biganiro na Kina Music bishobora kurangira yinjiye mu mikoranire n’iyi nzu iri mu zikomeye mu zifasha abaririvyi mu Rwanda.

Abakurikiranira hafi ivyumuziki, bamaze iminsi babona imikoranire hagati ya Kina Music na
Vania Ice ndetse amakuru ahari nuko hari igitekerezo co kumusinyisha.

Uyu muririvyikazi azwi mu ndirimbo nka "Ihela", "Later" n’izindi zatumye agera kure cane

Imikoranire hagati ya Kina Muzik na Vania Ice , aho yabonetse mugihe aheruka gukorera igikorwa ciwe yise ’’Contigo’’ muriyo nzu

Ishimwe Clement asanzwe ari Umuyobozi wa Kina Music akaba n’Umu Producer muri iyi nzu isanzwe ifasha abaririvyi, yavuze ko batarasinyisha uyu muririvyikazi nubwo hari ubushake bwo gukorana ku mpande zompi .

Yavuze ati “Ntabwo turarangiza ibyo gusinyana ariko nta wamenya mu gihe kizaza wabona bizabaho. Icyo nakubwira cyo ni umuhanzikazi mwiza kandi wujuje byose byatuma buri wese yakorana na we.”

Vania Ice numwe mubaririvyikazi beza babarundi bariko babikora neza cane .

Aho iyo Kina Muzik irimwo abaririvyi nka : Tom Close, Butera Knowless, Nel Ngabo na Igor Mabano.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO