Wise Labesto agarutse n’indirimbo nsha yise "Money Yo"

Wise Labesto akaba yamenyesheje abakunzi b’umuziki ndundi kagira abazanire ikindi gikorwa azo kwita Money Yo .
Wise Labesto akaba ari umuririvyikazi akiri muto cane ,akaba akomoka mugihugu cu Burundi .
Wise Labesto akaba yaramaze amezi atandatu (6mois) ataryohera abakunzi b’umuziki , aho nimugihe yari yasohoye akaririmbo kambere yari yise ’’TEMPERATURE’’.
Aho indirimbo yambere yamushikanye ahantu hagiye hatandukanye , ndeste ituma amenyekana ahantu henshi hashoboka.
Wise Labesto akaba yabwiye abakunzi b’umuziki ati : ’’Ndi n’umunezero udasazwe wo kubasangiza izina ry’indirimbo yanje nshasha igiye gusohoka,izoba yitwa ’’MONEY YO’’ inyuma yamezi 6 nsohoye ’’TEMPERATURE’ tugiye gusubira kandi kuryoherwana niyindi vibe ,urukundo mwanyereste ku ndirimbo yambere rwatumye nkorana inguvu nyishi cane ’’ ivyo bikaba vyavuzwe na Wise Labesto.